Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Insiguro y’isanamu, Vance yagize uruhara runini cane mu biganiro na Irani, akaba yaritabiriye ibiganiro vyo muri Pakistan mu kwa kane, aja no mu Buswisi mu kwa gatandatu igihe hasinywa amasezerano y’umwumvikano (MOU)
Icegera c’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,
JD Vance, yagirije bamwe mu bagize reta ya Israel ko bariko bagerageza kwosha Abanyamerika
kugira intambara hagati ya Amerika na Irani ibandanye.
Mu kiganiro casohowe ku wa gatatu, Vance yabwiye umunyamakuru
Joe Rogan ko naho yizera bamwe mu bari muri reta ya Israel, hari abandi “bariko
bakinisha kandi bagerageza kwosha Abanyamerika kugira intambara ibandanye igihe
kitagira iherezo”.
Reta ya Israel ntiyashotse igira ico ivuze ku majambo ya Vance.
Muri ico kiganiro, The Joe Rogan Experience, Vance
yavuze ko hari abantu bo muri reta ya Israel bagerageza kuzimiza Amerika mu
nzira yayo yo kuganira na Irani, kandi ko hari ivyemezo vyerekana ko bamwe mu
bategetsi ba Israel ivy’amasezerano.
Yagize ati: “Ndibaza neza ko mwabonye uwo mugambi wo mu
mpisho kandi urimwo amafaranga menshi, wo kugerageza kuburizamwo ibiganiro no
kuburizamwo amasezerano”.
Amerika na Irani bashitse ku masezerano y’umwumvikano (MOU)
mu kwezi guheze, yemera ko ibiganiro bibandanya, harimwo amasezerano y’agahengwe
k’imisi 60 nubwo yahagaze, hamwe n’ingene Umuhora wa Hormuz wokwugururwa.
Ariko, icuka kibi kuri uno muhora carasubiye kuvyuka mbere Amerika
yarongereje ibitero vyayo kuri Irani, Tehran na yo ikihorera ku ncuti za Amerika
mu karere.
Vance avuga ko ari ibisanzwe mu migenderanire y’ibihugu
kubona hari bamwe mu bategetsi ba Israel banegura canke bagerageza kwumvisha
Amerika kwemera ivyiyumviro vyabo, ariko ko ikimubabaza ari uko hoba abategetsi
ba Amerika bokwemera ako kosho.
Aya ni ayandi majambo ari mu rukurikirane rw’amajambo yo
kunegura Israel amaze imisi ashikiriza, mu gihe ubutegetsi bwa Trump bubandanya
burondera ingene iyi ntambara yorangira, haba mu nzira y’ibiganiro canke mu
bitero bishasha vya gisirikare.
Amerika na Israel vyatanguje intambara kuri Irani mu kwa kabiri,
bituma Irani na yo yishura mu gukora ibitero kuri Israel no ku ncuti za Amerika
mu Kigobe c’Abarabu.
Israel ibona ko
Irani ari ikibazo gikomeye ku kubaho kwayo, igashaka ko umugambi wayo wa
nikleyeri n’uwo guhingura ibisasu vya misire uhagarara burundu, kandi intwaro
igahinduka.
Hagati aho, ku wa
gatatu inama nshingamateka yaranse integuro yo kugabanya imfashanyo y’amamiriyaridi
menshi y’amadolari Amerika iha Israel.
